Uko wahagera

Nijeri: Abimukira 34 Bapfiriye mu Bugararwa


Abimukira mu bugararwa bwa Agadez muri Nijeri berekeza mu Bulayi.
Abimukira mu bugararwa bwa Agadez muri Nijeri berekeza mu Bulayi.

Abategetsi ba reta ya Nijeri bamenyesha batoye ibiziga 34 vy’abantu, barimwo abana 20 bapfuye bariko bageregeza kujabuka ubugararwa bwa Nijeri.

Bamenyesha ko ata nkeka abo bantu bari abimukira bariko bagana mu buraruko bwa Afrika berekeza muri Aljeriya canke mu Bulayi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Nijeri yamenyesheje ayo makuru ejo kuwa gatatu.

Yashikirije ko abagore icenda, abagabo batanu hamwe n’abana 20 boba bishwe n’inyota inyuma yaho basigiwe mu bugararwa n’abagira urudandazwa rw’abantu mur’ako karere.
Ibihugu abo bantu baturukamwo ntibiramenyekana.

XS
SM
MD
LG