Uko wahagera

ONU: Nta Ruja n'Uruza Rw'Ibirwanisho Muri Libiya


Inama ya ONU ijejwe Umutekano
Inama ya ONU ijejwe Umutekano

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano, yarafashe icemezo giha uburenganzira, abasirikare b’ibihugu vya Bulayi barwanira mu mazi guhagarika, gusaka ubwato no gufata ibirwanisho bica mu mazi vyose bigana canke biva muri Libiya.

Ico cemezo cafashwe mu nama yabaye k’umusi wa kabiri mu ntumbero yo guha inguvu reta ya Libiya no guhagarika irwirirana ry’ibirwanisho mu minwe y’imihari y’iterabwoba n’iyindi mirwi y’abarwanyi iri mur’ico gihugu.

Mu ndwi irangiye, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa ONU muri Libiya, Martin Kobler, yari yasavye ko hakwiye gufatwa ingingo ihagarika igurishwa ry’ibirwanisho muri Libiya.

Yatangaje ko bitumvikana kubona haharurwa ibirwanisho bishika imiliyoni mirongo ibiri mu gihugu kirimwo abanyagihugu imiliyoni zitandatu gusa.

Iki cemezo giha uburenganzira reta ya Libiya bwo gusaba gutezurirwa kugira ishobore kugura no guha ibirwanisho inteko zayo zijejwe umutekano kugira zihangane n’abakora iterabwoba.

XS
SM
MD
LG