Uko wahagera

Brezil: Dunga Yirukanywe mu Kazi Kiwe


Umumenyereza mukuru w'igihugu ca Brezil Dunga yirukanywe mu kazi kiwe
Umumenyereza mukuru w'igihugu ca Brezil Dunga yirukanywe mu kazi kiwe

Umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu wa Brezil, Dunga, yirukanywe mu kazi kiwe, inyuma yuko Brezil ivuye mu gikombe c’ibihugu vyo mu karere ko mu bumanuko, carimwo n’ibihugu vyo mu karere ka Amerika ya rugugu, yo hagati no mu karere ka Karayibe, kubera ico gikombe cahimbaza imyaka ijana kimaze gitanguye.

Brezil, yavuyemwo mu nkino z’ukuva mu mirwi ama ekipe nserukiragihugu yarimwo.

Brezil, yatsinzwe n’igihugu ca Peru igitsindo ku busa, mu rukino rwa nyuma rwo mu murwi B.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Brezil, ryamenyesheje mw’itangazo ko ryafashe ingingo y’ukwirukana Dunga, n’ugusambura umurwi wose w’abamenyereza b’umurwi nserukiragihugu wa Brezil.

Ayo makuru yatangajwe inyuma yuko abategetsi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru babonanye na Dunga, mu gitondo c’u musi wa kabiri.

Inyuma yuko mu rukino rwa mbere Brezil, idashoboye gutsindana na Equateur, mu kurangiza urukino ubusa ku bundi, mu rukino rwa kabiri, Brezil yatsinze Haiti ibitsindo indwi kuri kimwe. Yamara ku musi wa mbere Brezil, yatsinzwe na Peru igitsindo ku busa.

Muri iki gihe Brezil, itegerezwa kurondera umumenyereza mukuru, indwi nkeyi imbere yuko yakira inkino mpuzamakungu za olempike, mu kwezi kw’umunani, aho izoba iriko irondera gustinda ubwa mbere umudali w’inzahabu, mu mupira w’amaguru.

Dunga, afise imyaka 52 muri iki gihe, yatsinze ibikombe bibiri vya Copa America, ari umukinyi, akaba yari kapiteni w’umurwi nserukiragihugu wa Brezil watsinze igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, mu mwaka w’i 1994.

XS
SM
MD
LG