Uko wahagera

Eritreya na Etiyopiya Biratungana agatoki


Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Etiyopiya, Gatechew Reda na ambassaderi Girma Asmerom wa Eritreya - Ifoto ya kera
Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Etiyopiya, Gatechew Reda na ambassaderi Girma Asmerom wa Eritreya - Ifoto ya kera

Ibihigu vya Etiyopiya na Eritreya, biragirizanya ku ruhande rwatanguye ugutana mu mitwe kwabereye, ku rubibe ibyo bihugu bihana.

Ukwo gutana mu mitwe kwarongereje umwuka mubi umaze igihe, hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi.

Ukwo gutana mu mitwe kwabaye, ku musi w’Imana no ku musi wa mbere, mu karere ka Tsorona, igisagara co muri Eritreya, cabereyemwo ugutana mu mitwe, mu gihe c’ingwano yerekeye urubibe, hagati y’ivyo bihugu, yabaye hagati y’umwaka w’i 1998, n’umwaka w’i 2000.

Eritreya, itangaza ko yigijeyo igitero catanguwe na Etiyopiya. Abategetsi ba Eritreya, bavuga ko Etiyopiya, yatakaje abasirikare benshi cane.

Mu gihe Etiyopiya, ivuga kw’inteko zayo zagabanije bikomeye ubushobozi bw’igisirikare ca Eritreya z’ukugira ibindi bitero.

Nta ruhande na rumwe ruvuga, ku buryo butomoye, igitigiri c’inteko zishwe canke abakomeretse.

Mu vyo yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kabiri, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Etiyopiya, Gatechew Reda, avuga ko ugutana mu mitwe kwahagaze, ku munsi wa mbere, hafi y’isaha zitandatu zo ku mutaga. Avuga kw’inteko za Etiyopiya zavuye mu kibanza cabereyemwo ugutana mu mitwe, inyuma yuko zirangije imigambi zashaka gushikako.

Yamenyesheje ko Etiyopiya, yahisemwo kwirinda ingwano ikomeye na Eritreya, ko yamara Reta ya Etiyopiya izokwishura niyo Eritreya yasubira kiyitera.

Eritreya isaba urwego rw’ishirahamwe O-N-U, rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, kwiyamiriza ivyo ivuga ko ari igitero c’igisirikare ca Etiyopiya.

XS
SM
MD
LG