Uko wahagera

USA Isaba Amategeko Atorohereza Gutunga Inkoho


Amafoto yabazize ubwicanyi mu gisagara ca Orlando
Amafoto yabazize ubwicanyi mu gisagara ca Orlando

Umushikiranganji ajejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeh Johnson, yasavye ko hashirwaho amategeko yumvikana atotuma vyorohera abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe, canke bashaka gukora inabi kugura inkoho.

Ivyo ni inyuma y’igandagurwa ry’abantu 49, mu kibanza abantu batambiramwo mu gisagara ca Orlando muri Reta ya Florida, ryabaye mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana.

Mu biganiro yatanze, Johnson, yatangaje ko gushiraho amategeko nkayo - ikibazo kidahuriweko na bose muri Amerika, bikenewe cane ku vyerekeye umutekano w’Abanyamerika.

Amenyesha kw’ari ikintu abanyamerika, n’inama nshingamateka, bategerezwa guhangana naco.

Mu gitero camaze isaha, mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana, mu kibanza abantu bakundana n’abo basangiye ibitsina batambiramwo, mu gisagara ca Orlando cahitanye abantu 49, abandi mirongo 53 barakomereka, imbere yuko igipolisi cica uwagize ico gitero, Omar Saddiqui Mateen, yari fise imyaka 29.

Abagendera ico kibanza bavuga ko babonye incuro zitari nke, Mateen, muri ico kibanza, mu kiringo c’imyaka itari mike irangiye.

XS
SM
MD
LG