Uko wahagera

Abapolisi Babiri Bishwe Hafi y'i Paris


Umuntu yikekwa ko yasogose n’imbugita, yica abapolisi babiri yari yemeye gukwirikiza amabwirizwa y’umuyobizoi wa Reta ya Kiyislamu, Abu Bakr al-Baghdadi.

Ivyo vyatangajwe n’umushikirizamanza wo mu gisagara ca Paris mu Bufransa, Francois Molins.

Mu vyo yatangarije abamenyeshamakuru uno munsi wa kabiri, Molins yavuze ko uwagize ico gitero yitwa, Larossi Abballa, yatangaje ko yemeye gukwirikiza amabwirizwa ya Baghdad igihe yahangana n’abapolisi, mu kiringo c’amasaha ane mw’ijoro ryo ku musi wa mbere.

Molins, yongeye kandi avuga ko Abballa, yari afise urutonde rw’abantu arondera, harimwo abacuraranzi b’umuziki wa rap, abamenyeshamakuru, abapolisi n’abategetsi ba Reta.

Umushikirizamanza yatangaje ko Abballa, yari yishuye akamo ka Reta ya Kiyislamu, k’ukwica abatemera aho bari hose, n’imiryango yabo.

Igipolisi catabaye umwana w’umuhungu w’imyaka itatu n’igice mu rugo rw’aho Abballa, yasogoteye abapolisi babiri, bakaba baruhiye kumwica.

Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yavuze ko ubwo bwicanyi ari igikorwa c’iterabwoba.

Ivyo bibaye mu gihe Ubufransa bwakomeje ingingo zerekeye umutekano, mu kiringo c’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya, ririko ribera mu gihugu muri iki gihe.

XS
SM
MD
LG