Uko wahagera

USA: Abakandida Perezida Bishuye Ku Gitero Muri Orlando


Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton
Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton

Abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z' Amerika bari mu mubabaro, ku bantu bagandaguwe mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana, mu gisagara ca Orlando, mu bumanuko bw’igihugu.

Hillary Clinton, abonwako ariwe azoserukira umugambwe w’Abademokarate, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri uyu mwaka wa 2016, yabwiye Televiziyo CNN ko bategerezwa kwikingira abagizi ba nabi nk’uwagize igitero co mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu. Hillary Clinton, yanatangeje kw’Abanyamerika bafise ububasha bw’ugukorera hamwe, mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba n’ibindi bikorwa vy’ubwicanyi.

Donald Trump, wo mu mugambwe w’Abarepubulika, ahiganwa na Hillary Clinton, avuga ko ubwicanyi, nk’ubwo mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana, mu gisagara ca Orlando buzotera bwiyongera kurushiriza kubera ubuyobozi bucumbagira. Trump yasubiye gutera akamo k’uguhagarika kurekurira impunzi y’Abanyasiriya kwinjira muri Amerika.

Trump avuga ko Abayislamu bategerezwa gutanga amakuru ku bantu bikekwa, akaba yasubiye kumenyesha ko ashigikiye amategeko akomeye yerekeye gutunga inkoho. Atangaza kw’abantu bafise inkoho bakeneye muri iki gihe kwikingira kurusha imbere yaho. Atangaza ako iyaba abantu bari mu kibanza c’ugutambiramwo catewe bari bafise inkoho, kw’ibintu bitari kuba nkuko vyagenze.

XS
SM
MD
LG