Uko wahagera

Ubushinwa: Umuntu Yashatse Kwiha Inkumbi


Mu gihugu c’Ubushinwa, abategetsi bamenyesha ko umugabo yar’afise bombe ikozwe n’amaboko yakomerekeje abantu batatu ku kibuga c’indege mpuzamakungu co mu gisagara ca Shanghai imbere yuko nawe nyene ashakiye kwiyica.

Uwo mugabo babonye akura amacupa yarimwo ibintu biturika mu gapfuko ko mu mugongo yar’afise aca aterera rimwe mur'ayo macupa hasi, nkuko abategetsi babandanya babivuga.

Mu nyuma yaciye afata imbugita kugira yikerere izosi. Ubu ariko avurirwa mu bitaro kandi ameze nabi cane. Imvo yatumye akora ivyo ntiramenyekana.

Abo bantu bakomeretse nabo nyene baciye bajanywa kuvurwa.

XS
SM
MD
LG