Uko wahagera

Col. Baratuza : Abasilikari Ntibagurisha Intwaro muri AMISOM


Amakuru aherutse gutangwa n’iperereza rya Somaliya n’uko hari abasirikare b’ico gihugu bafadikanya na bamwe bo muri AMISOM mu barungitswe kugwanya intagondwa za Al Shabab mu kugurisha ibikoresho vya gisirikare. Iperereza rya Somaliya rikemeza ko abasirikare cumi b’ababavukagihugu na batanu bo muri AMISOM bafatanywe itonga.

Bimwe mu binyamakuru na cane cane vyo mu gihugu c’Ubuganda vyanditse ko murabo basirikare ba AMISOM harimwo abarundi. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi avuga ko abakwiragije ayo makuru bakeneye gucafuza ingabo z’Uburundi.

Haraciye amezi bamwe mu barongoye amashirahamwe yigenga batanguje urugamba rwo gusaba ko abasirikare b’abarundi bari mu bikorwa vyo kurondera amahoro botahukanwa.Urwo rugamba bitiriye « Bring back our soldiers » rwashigikiwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Imvo batanga n’uko ku babwo abasirikare b’abarundi bitumvikana ingene baja kurondera amahoro ahandi mu gihe mu gihugu cabo hari umutekano muke abantu bicwa.

Umuvugizi w’igisirikare abibonamwo umukino wa politike wo kwikunda no kwikwegerako. Coloneli Baratuza ahanura abanyepolitike kurabira akarorero kuri Amerika aho baba abategetsi baba abatavuga rumwe na Leta bose bashigikira ingabo z’ico gihugu iyo ziri mu bikorwa vyo kurondera amahoro mu bice bitandukanye vy’isi.

Igihugu c’u Burundi catanguye kurungika abasirikare muri Somaliya kuva mu mwaka w’i 2007.

Amasezerano cagiraniye n’ubumwe bwa Afrika n’uko hategerezwa kujayo ama Batayo 6. Ibatayo yose imarayo umwaka umwe igaca itahuka mu gihugu. Ubu u Burundi bufiseyo abasirikare barenga 5100.

Abajayo bose babanza guhabwa inyigisho z’ugukingira amahoro n’umutekano ku rwego mpuzamakungu. Gushika ubu abasirikare bose b’u Burundi bararonkejwe izo nyigisho.

I ruhande y’izo nyigisho, abasirikare b’u Burundi bagera ku bice 80 ku ijana abo bita aba formateurs mu gifaransa bararonkejwe ubumenyi bw’ugutanga benizo nyigisho mu bindi bihugu.

Uburundi ni igihugu kigira kabiri gifise abasirikare benshi mu rwego rwa AMISOM mu gikorwa co kugwanya al Shabab.

Ni inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza uri i Bujumbura

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:11 0:00

XS
SM
MD
LG