Uko wahagera

USA: Umuririmvyi Christina Grimmie Yarishwe


Christina Grimmie
Christina Grimmie

Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, Umuririmvyikazi azwi kw’izina rya Christina Grimmie yarishwe arashwe k’umusi wa gatanu.

Yarashwe inyuma yaho ahereje kuririmba mu giteramo c’umuziki mu gisagara ca Orlando muri Leta ya Florida.

Igipolisi co mur’ico gisagara kimenyesha ko umugabo yamurashe nawe yaciye yirasa aca arapfa.

Christina Grimmie yar’afise imyaka 22 y’amavuko. Yari yarigeze gutahukana ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ry’ukuririmba ryitwa “The Voice” ryama ritunganwa uko umwaka utashe muri Amerika.

Igipolisi caratanguye amatohoza kugira kimenye imvo yatumye uwo mugabo amurasa.

XS
SM
MD
LG