Uko wahagera

Ubufaransa: Abaderevu ba Air France Barahagaritse Akazi


Abapilote ba Air France Bahagaritse Imirimo
Abapilote ba Air France Bahagaritse Imirimo

Abapilote b’indege z’ikompanyi y’Abafaransa Air France barahagaritse imirimo basaba kworoherezwa mu kazi.

Ibi bibaye mugihe igihugu c’Ubufaransa kiriko gitunganya inkino z’umupira w’amaguru w’ibihugu vya Bulayi, Euro 2016.

Igice kimwe ca kane c’abapilote b’indege barahagaritse akazi. Air France imenyesha ko yahagaritse ibice 20 kw’ijana vy’indege zunguruza abantu mu gihugu hagati n’izija mu mahanga kur’uyu wa gatandatu.

Iryo hagarikwa ry’akazi ryaragize ingaruka ku barorerezi b’izo nkino bategerezwa kwikora kur’izo ndege kugira bashike mu bisagara bitandukanye izo nkino ziriko ziraberamwo.

Haheze imisi ibiri iyo migumuko itanguye ariko gushik’ubu nta nama n’imwe itegekanijwe hagati y’abategetsi ba Air France hamwe na sendika y’abapilote mu ntumbero yo gukemura ico kibazo.

Ibi bibaye kandi mugihe haheze indwi zitari nke abakozi bo mu bufaransa bari mu myiyerekano aho biyamiriza itegeko riheruka gushikirizwa na reta y’Ubufaransa riha abakoresha uburengazira bwo kwirukana abakozi uko babishatse kandi ryongereza amasaha y’akazi ku bakozi mu ndwi.

XS
SM
MD
LG