Uko wahagera

EURO 2016: Abarorerezi Batanye mu Mitwe


EURO 2016: Abarorerezi b'imigwi y'Uburusiya n'Ubwongereza Batanye mu mitwe
EURO 2016: Abarorerezi b'imigwi y'Uburusiya n'Ubwongereza Batanye mu mitwe

Mu gihugu c’Ubufaransa, Umuntu umwe yarakomeretse bikomeye ajanywa mu bitaro azize ugutana mu mitwe kwabaye ejo kuwa gatandatu mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Ni mu rukino rwahuje imigwi y’Uburusiya n’Ubwongereza mu gisagara ca Marseille muri za nkino za Bulayi ziriko zibera mu Bufaransa.

Igihe abakunzi b’iyo mirwi ibiri batana mu mitwe, igipolisi cabasutsemwo ivyuka bikoroza amosozi hamwe n’amazi kugira kibashwiragize.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya bulayi, UEFA rimenyesha ko rigiye guhana bikomeye Uburusiya mugihe abarorerezi babwo aribo babaye intandaro y’urwo ruhagarara mu gutangura gusomborotsa abarorerezi b’Ubwongereza.

XS
SM
MD
LG