Uko wahagera

Peru: Fujimori Yemeye Ko Yatsinzwe


 Pedro Kuczynski yatsinze amatora muri Peru
Pedro Kuczynski yatsinze amatora muri Peru

Mu gihugu ca Peru, Keiko Fujimori, asanzwe atavuga rumwe na Reta, yemeye kur’uyu wa gatanu ko yatsinzwe, mu matora y’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu.

Uyo mukenyezi yavuze ko azokwubahiriza ibyavuye mu matora.

Gushika kur’uyu wa gatanu akaba atari bwemere ivyavuye mur’ayo matora, inyuma y’aho atsindiwe ku manota 50 ku ijana ya Pedro Kuczynski, yahoze akorera banki y’isi , kuri 49.9 vyiwe.

Kuczynski akaba yasavye abanya peru bose gukora bashira hamwe, kubw’akazoza keza k’igihugu.

Fujimori, akaba ar’umukobwa w’uwahoze atwara igihugu ca Peru, Alberto Fujimori, yaciriwe umunyororo w’imyaka 25, yagirizwa kuba yarariye ibiturire no guhonyanga agateka ka zina muntu, n’ibiturire mu myaka yatwaye kuva 1990 gushika mu 2000.

Keiko Fujimori akaba yaragerageje kwigira kure y’ivyo se yakoze. Ariko abo bahiganwa bakavuga ko yashobora kugarukana intwaro y’agahotoro yari yaramereye nabi abanye Peru.

XS
SM
MD
LG