Uko wahagera

Peru: Keiko Fujimori Yemeye ko Yatsiznwe mu Matora


Keiko Fujimori
Keiko Fujimori

Keiko Fujimori, yemeye uno musi ku wa gatanu ko yatsinzwe mu, matora y’umukuru w’igihugu, yari yegerenaye cane, mu buryo bitario bwibonekeze mu gihugu ca Peru.

Abanyaperu barindiye hafi y’indwi yose, kugira bemenye icese ivyavuye mu matora.

Keiko Fujimori, yatangaje ko yemeye ivyavuye mu matora, akwikirije inyifato ya demokrasi. Yatangaje ko azoyobora abatavuga rumwe na Reta.

Imbere y’uno musi ku wa gatanu, yari yanse kwemera ko yatsinzwe mu matora, inyuma yuko arangije mu ncuro ya kabiri na 49.9 kw’ijana vy’amajwi, mu gihe uwo bahiganwa, Perdo Kuczynski, yarangije na 50.1 kw’ijana vy’amajwi.

Kuczynski, yasavye Abanyaperu gukorera hamwe, ku vyerekeye kazoza k’igihugu cabo.

Keiko Fujimori, n’umukobwa na, Alberto Fujimori, yahoze ari perezida wa Peru.

Alberto Fujimori, muri iki gihe ari mu munyororo w’imyaka mirongo ibiri n’itanu, kw’ityozwa ry’agateka ka muntu, na ruswa, yagirijwe mu kiringo yamaze ku butegetsi, hagati y’umwaka w’i 1990, n’umwaka w’i 2000.

XS
SM
MD
LG