Uko wahagera

Impungenge z'Ukuva mu Muryango w'Ubulayi kw'Ubwongereza


Umushikiranganji ajejwe ikigega w'Ubudagi, Wolfgang Schaeuble
Umushikiranganji ajejwe ikigega w'Ubudagi, Wolfgang Schaeuble

Amatora yerekeye ivy’uko Ubwongereza bwova mu muryango w’Ubumwe bw’Ubulayi, yogira ingaruka mbi ku Bwongereza n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Ivyo vyatangajwe bn’umushikiranganji ajejwe ikigega w’Ubudagi, Wolgang Shaeuble.

Amenyesha kw’ivyo bishobora gutuma haba amareferandumu nkayo mu bihundi bihugu.

Schaeuble, avuga ko vyoba ari igitangaro, hamwe ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi kw’Ubwongereza, bitogira ingaruka mbi.

Hamwe Abongereza bohitamwo kuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, muri referandumu yo kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu, ico gihugu nticosubira kugira uburenganzira kw’isoko rusangi ry’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

Naho Abongereza bohitamwo kuguma mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, referandumu itegekanijwe, n’ikimenyetso c’uko Abongereza batanezewe. Ikintu abayobozi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi batokwihoza.

XS
SM
MD
LG