Abantu ibihumbi n’ibihumbi baririmba izina rya Ali batonze ku mabarabara, uno musi ku wa gatanu, mu gisagara c’amavuko ya Muhammad Ali, Umuyislamu w’Umuyamerika akomeye cane, kugira bamusezere.
Muhammad Ali, yitavye Imana ku musi wa gatanu w’indwi iheze afise imyaka mirongo irindwi n’ine.
Isandugu irimwo ikiziga ciwe yacishijwe mu bibanza bifise insiguro ikomeye mu buzima bwa Muhammad Ali, imbere yuko rurangirira ku kaburi kitwa, Cave Hill Cemetery, aho aza gushingurwa mu birori vy’incuti n’abagenzi ba hafi.
Mu bari batwaye isandugu irimwo ikkiziga ciwe barimwo, Lennox Louis, yigeze kuba ariwe wa mbere kw’isi, mu rukino rw’ingumu, na Will Smith, umukinyi wa cinema, yagenywe kuronka agashimwe ka Oscar, muri film aho yakinye, Muhammad Ali.
Ibirori vy’ukwibuka n’ugusezera, Muhammad Ali, vyerekanywe kuri televiziyo, mu kibanza c’inkino mu gisagara ca Louisville, igihe c’isaha umunani zo ku mutaga mu masaha yaho.
Bill Clinton, yigeze kuba perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Bill Crystal, yagize gutwenza abantu umwuga, bashikirije amajambo y’ukwibuka, Muhammad Ali.
Umuhanuzi mukuru wa perezida, Obama, Valerie Jarett, yasomye ikete rya perezida. Perezida Obama, yagumye i Washington, aho yari mu birori vy’umwana wiwe w’umukobwa, Malia, yarangije amashule yisumbuye.