Uko wahagera

Ban Ki Moon na Arabiya Sawudite Ntibarabana Ryiza


Ban Ki Moon aramukanya na Ministre w'imigemderanire wa Arabiya Sawudite
Ban Ki Moon aramukanya na Ministre w'imigemderanire wa Arabiya Sawudite

Icuka nticifashe neza hagati y’ingoma ya Arabiya Sawudite n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon.

N’inyuma yaho mu ntango z’iyi ndwi ONU isohoreye raporo yagiriza inteko mvamakungu ziri muri Yemeni zirongowe na Arabiya Sawudite ko ziri mu bica abana no kugaba ibitero ko mashure no ku bitaro mur’ico gihugu.

Ban Ki Moon yamenyesheje kuwa kane ko Arabiya Sawudite kimurembeje mu kumusaba kubakura kur’urwo rutonde rw’abahohotera abana mu ntambara yo muri Yemeni.

Abandi bari kur’urwo rutonde rwiswe ko rwirabura, canke “blacklist” mu rurimi rw’icongereza, n’amareta ya Bashar al-Assad muri Siriya, iya Omar al-Bashir muri Sudani hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu.

Hari ama raporo yo kwizigirwa avuga ko Arabiya Sawudite hamwe n’ibindi bihugu vyo mu kigobe c’abarabu bigiye guhagarika intererano baha ibisata vya ONU hamwe n’amahera batanga mu bikorwa vyo kugarukira ku banyagihugu mugihe batokurwa kur’urwo rutonde.

ONU imenyesha ko iriko irihweza ivyireguro vyatanzwe na Arabiya Sawudite kandi ko bari mu mibonano yo ku rwego rwo hejuru kugira bagikure mur’urwo rutonde rw’abica abana n’abasambura amashure n’amavuriro muri Yemeni.

XS
SM
MD
LG