Uko wahagera

Mohamad Jamal Khweis Yaciriwe Urubanza


Mohamad Jamal Khweis, umunyamerika yagirizwa kwifatanya na ISIS
Mohamad Jamal Khweis, umunyamerika yagirizwa kwifatanya na ISIS

Umunyamerika yahunze igihugu aja kwifatanya n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu yaragarukanywe muri Amerika gucirirwaho urubanza ku vyaha vy’iterabwoba.

Mohamad Jamal Khweis, yagirizwa n’ubutungane bw’Amerika ko yafashije mu gutanga ibikoresho bifasha umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Uwo mugabo w’imyaka 26 ivyiwe vyatanguye kumenyekana igihe afatiwe n’abarwanyi b’aba Kurdes mu buraruko bwa Iraki mu kwezi kwa gatatu.

Abaye umunyamerika wa mbere ari mu muhari wa reta ya Kiyisilamu afatiwe k’urugamba.

Abategetsi b’aba Kurdes bamenyesheje ko babonye Khweis asa n’uwabuze iyo aja, mu gisagara ca Sinjar kiri mu buraruko bwa Iraki baca baramurasa abona kwishikana.

Urubanza rwiwe rwasomwe kuwa kane mu gisagara ca Alexandria, muri reta ya Virginiya, muri Amerika. Yakatiwe gufungwa imyaka 20 no gutanga amande angana n’ibihumbi 250 vy’amadolari.

XS
SM
MD
LG