Uko wahagera

Amerika: Abantu Isinzi Baraza Gusezera Muhammad Ali


Igisabisho c'Abayislamu c'ugusabira nyakwigendera, Muhammad Ali mu gisagara vca Louisville, muri Reta ya Kentucky, kw'italiki 9, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.
Igisabisho c'Abayislamu c'ugusabira nyakwigendera, Muhammad Ali mu gisagara vca Louisville, muri Reta ya Kentucky, kw'italiki 9, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Vyitezwe kw’abantu bagera ku bihumbi cumi na bine bagandarira kandi bibuka Muhamad Ali, yabaye kirangiranwa mu rukino rw’ingumu n’uguharanira agateka k’abirabure muri Amerika, yitavye Imana mu ndwi iheze. Ibirori vy’ukumugandarira birimwo ibisabisho vy’idini ryiwe rya Kiyislamu, biza kwerekanwa mu gihe biriko biraba kuri televiziyo no kuri internet, uno musi ku wa kane.

Ivyo birori biza kubera mu gisagara ca Louisville, muri Reta ya Kentucky, mu kibanza citwa, Freedom Hall, aho Muhammad Ali yahiganiwe urukino rwa mbere rww’ugukubitana ingumu mu mwaka w’i 1960.

Bnehsi mu Bayislamu bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bizeyeko ivyo birori bizofasha bkwerekana k’idini rya Kiyislamu ryatsimbataye mu buzima bw’Abanyamerika.

Ivyo birori biza kuba ari ivya mbere mu kiringo c’imisi ibiri y’ukugandarira Muhammad Ali, yitavye Imana mu ndwi iheze muri Reta ya Arizona afise imyaka mirongo irindwi n’ine. Ibirori vya nyuma bizoba birimwo abantu bakomakomeye nka Bill Clinton yahoze ari perezida wa Amerika, azoshikiriza ijambo ry’ukwibuka n’ugusezera Ali, hamwe Billy Cyrstal, yagize gutwenza abantu umwuga, ejo ku musi wa gatanu, mu gisagara ca Louisville.

Bob Gunnell, umuvugizi w’umuryango wa Ali, yatangaje ko Ali yatanguye gutegura ibirori vy’ukumwibuka, haraheze hafi y’imyaka cumi. Gunnell, avuga ko Ali yifuza kw’ivyo birori vyitabwa, n’abantu batandukanye bava mu mihingo yose yo kw’isi.

XS
SM
MD
LG