Uko wahagera

Ebola Yacitse muri Liberiya


Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS, ryatangaje kur’uyu wa kane ko ata mugera wa Ebola ukirangwa mu gihugu ca Liberiya. Aho n’inyuma y’iminsi 42 ata muntu abonetse ko yoba awufise.

Ishirahamwe OMS, ryakeje Reta ya Liberiya, n’abanyagihugu bayo k’uburyo bigenje neza mu kiza ca nyuma giheruka. Muganga Alex Gasasira, asanzwe aserukira OMS muri Liberiya, yavuze ko iryo shirahamwe rizobandanya gufasha Liberiya mu gukinga, gucungera no kuvura uwo mugera, igihe woba usubiye kuboneka.

Iri ribaye irigira kane, mu kiringo c’imyaka ibiri, umugera wa Ebola wibonekeje muri Liberiya, inyuma yaho uba watujijwe. Ikiza giheruka catewe n’umugore avuye muri Gineya ari kumwe n’abana, baraheza bawinjirana muri Liberiya.

Abantu 11.000 barapfuye bahitanywe na Ebola, mu bihugu bitatu uwo mugera wabangamiye kurusha, mu karere ka Afurika y’uburengero.

Ishirahamwe OMS ryatangaje ko umugera wa Ebola waheze mu mpera z’umwaka uheze.

XS
SM
MD
LG