Abahurikiye mu mashirahamwe ya Sosiyete sivile muri Sudani y’Epfo barashavuriye bikomeye Perezida Salva Kiir hamwe n’icegera ciwe cambere Riek Machar.
Ni mugihe abo bategetsi batangarije ku musi wa kabiri mu kinyamakuru The New York Times, gikorera muri Amerika ko bipfuza ko hoshingwa umurwi ujejwe kumenya ukuri, kurekuriranira no gusubiza hamwe.
Uwo murwi utumbereye gusubirira sentare izohana abagirwa n’ivyaha vyakozwe mu ntambara yari yemeranijwe gushirwaho mu masezerano yateweko igikumu mu kwezi kwa munani guheze.
Amashirahamwe ya Sosiyete sivile avuga ko abo bategetsi bagomba guhishira ivyaha vyakozwe mu ntambara yamaze imyaka ibiri mur’ico gihugu.
Bafise amakenga ko uwo wese azokumva ko arenganijwe azohava aca afata ibirwanisho kuko azoba azi ko azobabarirwa, bagasaba ko abo bategetsi bobanza kubanza abanyagihugu imbere yo kwifatira ingingo kugatwe kabo.