Uko wahagera

Israel: Abantu Batatu Bishwe mu Gitero muri Tel Aviv


Isiraheli ku ikarata
Isiraheli ku ikarata

Abantu babiri bitwaje ibirwanisho barashe ku bantu bariko abarasuma n’abariko barafungura, kw’isoko riri hafi y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Isiraheli, ku murwa mukuru, Tel Aviv, ku wa gatatu mw’ijoro. Bishe abantu batatu bakomeretsa abandi batandatu.

Igipolisi c’igihugu ca Israel kivuga ko cari igitero c’iterabwoba. Gitangaza kw’ibintu vyasubiye mu buryo, mu gihe cariko basuzuma kw’ata mabombe abagize ico gitero boba basize mu karere cabereyemwo.

Umuvugizi w’igipolisi, Mickey Rosenfeld, avuga ko abo bantu babiri bitwaje ibirwanisho bafashwe, inyuma yuko umwe muribo arashwe, agakomereka. Yatangaje ko bakoresheje inkoho zikomeye.

Bitegekanijwe ko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isiraheli, Benjamin Netanyahu, yari atahutse mu gihugu avuye mu rugendo, i Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, agirisha inama yihutirwa n’abategetsi bajejwe umutekano w’igihugu, harimwo umushikiranganji mushasha ajejwe kwivuna abansi.

Igitero co ku musi wa gatatu cagizwe kw’isoko ryitwa, Sarona, hagati ku murwa mukuru, Tel Aviv, ikibanza abantu basumiramwo, kandi kirimwo uburiro.

Igipolisi gitangaza ko kizotohoza kugira kimenye iyo abagize ico gitero baje bava, n’ukugene bashoboye kwinjira muri ico kibanza.

XS
SM
MD
LG