Uko wahagera

USA: Abashingamateka Banegura Inyifato y’Uburusiya


Abashingamateka ba Leta zunze ubumwe z’Amerika bamenyesha ko bahagaritswe umutima nuko reta ya Obama ataco iriko irakora kugira ihagarike Uburusiya ku nyifato yabwo igayitse ku bihugu vya Ukraine na Georgia.

Bamenyesha ko kuva aho aho Uburusiya bufatanirije intara ya Crimea buyikuye kuri Ukraine, Amerika n’ibihugu vy’umuryango w’Uburayi bafashe ibihano bikomeye ku Burusiya.

Bagaharitswe umutima nuko Uburusiya bubandanya butera intambara, butubahiriza imbibe z’ibindi bihugu kandi bufata uturere tw’ibindi bihugu.

Iki kibazo kije mugihe Amerika n’Uburusiya bariko bakorera hamwe mu kurwanya umuhari wa reta ya Kiyisilamu muri Siriya.

Ni mugihe kandi ivyo bihugu biri mu mugwi w’ibindi bihugu rutura vyagiye hamwe mu gufasha Siriya. Ariko Abategetsi b’Amerika bamenyesha ko Uburusiya bugaba ibitero vyinshi ku barwanya reta aho kubitera abakora iterabwoba.

XS
SM
MD
LG