Uko wahagera

UNICEF Iratabariza Abanyeshure mu Burundi


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku bibondo, UNICEF gitangaza ko gitewe umutima uhagaze n’abanyeshure bahagarikwa, abirukanwa mu mashure hamwe n’abakomerekera mu mashure y’Uburundi.

UNICEF ihamagarira impande zose zegwa n’indyane za politike mu Burundi kwubahiriza uburenganzira bw’abana bwo kuja mu mashure kandi bakabakingira ubwicanyi.

Ivyo vyatangarijwe kuwa kabiri mu nama yama iba uko indwi zibiri zitashe I Jeneve mu Bu Suwise.

UNICEF ibicishije ku muvugizi wayo, Christophe Boulierac imenyesha ko ku magenekerezo ya 26 na 27 z’ukwezi kwa gatanu guheze, abana 334 birukanwe mu mashure yo mu Ruziba, ni mu bumanuko bw’umurwa mukuru Bujumbura.

Bahowe gusibanganya ibitabo vy’ishure. Kuva ico gihe barahamagawe gusubira kwiga ariko bamwe baratinye gusubirayo.

Nayo kw’igenekerezo rya 3 z’uku kwezi kwa gatandatu, UNICEF imenyesha ko abanyeshure batari bake bo mu mashure atatu yisumbuye mu ntara ya Muramvya barahagaritswe kumvo nk’izo nyene z’aba mbere.

Boulierac avugira UNICEF avuga kandi ko Abana barenga 300 bafunzwe, mugihe abashika 30 bamaze gupfa kuva indyane zifatiye kuri politike zitanguye mu Burundi mu kwezi kwa kane umwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG