Uko wahagera

Amerika n' Ubushinwa Vyarangije Ibiganiro Bikomeye


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, amenyesha kw’igihugu ciwe, n’Ubushinwa, bizoshira mu ngiro ibihano vyafatiwe igihugu ca Koreya ya ruguru, kubera giherutse kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike.

Yamara Amerika n’Ubushinwa, bisa n’ibibandanya kutumvikana ku ngingo y’Ubwushsinwa y’ukwiyitirira icbce vy’ubutaka, biri mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, avuga ko igihugu ciwe n’Ubushinwa vyumvikanye ku vyerekeye gushira mu ngiro ibihano bishasha bikomeye kurushiriza. Ibi vyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu ntango z’uyu mwaka, mu kwishura ku ngingo ya Koreya ya ruguru, y’ukugerageza incuro igira kane ibirwanisho ruhonyanganda.

Ubushinwa, igihugu gisanzwe gicuditse, kandi gifasha bikomeye Koreya ya ruguru, kirashigikiye ibihano bikomeye kurushiriza ico gihugu cafatiwe.

Muri ico gihe John Kerry, yasavye ibihugu vyose bifitaniye amatati y’ubutaka, mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa kwifata, n’ugutorera inyishu iciciye mu biganiro, ku bitandukanya ivyo bihugu.

Umuwka mubi utera wiyongera muri ako karere, kubera ingingo y’Ubushinwa y’ugushiraho ibibanza vya gisirikare, ku mazinga ata bantu bayabamwo, ari mu gice c’ibahari co mu bumanuko bw’igihugu. Menshi muri ayo mazinga Taiwan, Vietnam, Philippines, Brunei na Indonesiya navyo nyene birayiyitirira.

XS
SM
MD
LG