Uko wahagera

Kenya: Umuntu Yarishwe mu Myiyerekano


Muri Kenya, umuntu umwe yarishwe arashwe, abandi barenga 20 barakomereka mu gisagara ca Kisumu mugihe bari mu myiyerekano yari yatunganijwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ejo kuwa mbere.

Iyo myiyerekano yabaye mu bisagara bitandatu itumbereye kwiyamiriza umurwi utunganya amatora mur’ico gihugu.

Mur’iyo myiyerekano y’I Kisumu abigaragamvya baratanye mu mitwe n’igipolisi ndetse cararashe amasasu yica. Ni mugihe I Nairobi ho, iyo myiyerekano yabaye mu mahoro n’umutekano.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi basaba ko hahindurwa ibwirizwa rigenga amatora yimirije mu mwaka w’2017. Basaba kandi ikurwa ry’abagize umurwi utunganya amatora uko ari indwi bose.

Bavuga ko bazobandanya iyo myiyerekano buri ndwi gushika ivyo basaba vyemewe.

XS
SM
MD
LG