Uko wahagera

Burundi: Abavyeyi Basaba ko Abana Babo Barekurwa


"Umukuru w’igihugu ategerezwa kubahwa mu kibanza ca kabiri havuye Imana", Bulamatali

Inyuma yaho abanyeshure bo kw'ishure ryisumbuye rya komine Muramvya bamwe bamwe batabaguriye amafoto y'umukuru w'igihugu hakagira mbere 11 bafungwa, Bulamatari w'iyo ntara yazindutse agirisha inama n'abavyeyi.

Nta ngingo ntabanduka yafashwe. Mugabo abajejwe intwaro, umutekano n'abajejwe intwaro bumvikanye kubandanya baganira.

Abavyeyi bafise abana bafunzwe basaba ko abana babo barekurwa na rirya muriyi ndwi ariho hazoba ikibazo c'abanyeshure bariko baheza amashure y'ishure nshingiro.

Abo banyeshure bafunzwe, indwi nabo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya, bane nabo kw’ishure rifise uburaro rya kera ry’Intara ya Muramvya. Abahungu ni batandatu, abigeme batanu.

Abo bana bafise imyaka iri hagati ya cumi n’ine na cumi n’icenda. Baba abavyeyi b’aba bana bafunzwe canke abandi barereye kw’ishure rikuru rya komine Muramvya, bose bari bazindukiye mu nama y’ugutorera umuti ingorane zadutse ku wa gatanu w’indwi iheze kuriryo shure.

Bulamatari w’intara ya Muramvya Emmanuel Niyungeko yibukije ko iyo ntara idasanzwe kuko kera yahoze ari umugwa mukuru w’abami. Yabasiguriye ko umukuru w’igihugu ategerezwa kubahwa mu kibanza ca kabiri havuye Imana kubera ubu ata bami bakibaho.

Bamwe mu bavyeyi abana babo bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya bavuga ko gushikubu ata cemezo na kimwe cerekana ko abana babo aribo basibanganije ama foto y’umukuru w’igihugu.

Izi mpuhwe z’abavyeyi, bulamatari wa Muramvya arazitahura, mugabo akibutsa ko ubutungane butegerezwa gukora.

Ku musi wa gatanu, igipolisi kigiye gufata abanyeshure kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya bagenzi babo barananye. Umwe mu bajejwe umutekano yararashe hakomereka umwana umwe n’umwe mu bantu bagendesha ipikipiki.

Amakuru ava muri bamwe mu bajejwe indero mu ntara ya Muramvya avuga ko ku mashure ashika atandatu muri komine za Muramvya na Bukeye basanze ama foto ya Perezida Pierre Nkurunziza asibanganije.

Abana 11 bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya bakurikiranwa ku caha c’ugutyoza umukuru w ‘igihugu. Abo banyeshure gushikubu ntibarajanwa imbere y’ubutungane. Indwi imwe imbere y’ifatwa ry’aba bana, abandi bana bashika 337 bo ku mashure abiri yo muri zone Ruziba, komine Muha mu bumanuko bushira uburengero bwa Bujumbura bari birukanywe nabo nyene bagirizwa gusibanganya ama foto y’umukuru w’igihugu.

Mu nama yo kuruyu wa mbere, ku cifuzo c’uwurongoye igipolisi mu ntara zo hagati mu gihugu n’agace k’ubuseruko komiseri Thadée Birutegusa, abari bayitavye baririmvye ururimbo ruhayagiza Uburundi. Ikimenyetso co kwibukanya ko Uburundi ari ubwabarundi kandi aribo bategerzwa kubwubaka bubaha indongozi.

XS
SM
MD
LG