Uko wahagera

Somaliya: Sagal Salad Osman Yagandaguwe


somalia map
somalia map

Mu gihugu ca Somaliya, umumenyeshamakuru w’umukenyezi azwi kw’izina rya Sagal Salad Osman, yarishwe arashwe n’abantu bataramenyekana k’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadishu.

Uwo mumenyeshamakuru yakorera radiyo na televiziyo vya leta ya Somaliya yishwe ku musi wa mungu.

Umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’abamenyeshamakuru bo muri Somaliya, Mohamed Ibrahim Moalimuu, yabwiye ijwi ry’Amerika ko Sagal Osman yiciwe muri distrikte ya Hodan, mugihe yari avuye muri Kaminuza yo mur’ako karere.

Sagal Osman abaye umumenyeshamakuru w’umukenyezi agira kabiri yishwe aho muri Somaliya mu kiringo c’amezi atandatu.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’2015, Hinda Haji Mohamed, uwundi munyamakuru w’umukenyezi yiciwe mu modoka yari itezwemwo bombe I Mogadishu. Ico gihe umugwi w’iterabwoba wa al-Shabaab waremanze ko ariwo wamwishe.

Nta muhari n’umwe uriyitirira iyicwa ry’uyu Sagal Salad Osman, ariko abanyamakuru bo muri Somaliya, bamenyereye bicwa na al-Shabaab.

XS
SM
MD
LG