Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abandi Barundi 3


Adam Szubin, ayoboye ibiro vy'Amerika bigenzura ubutunzi bw'abanyamahanga.
Adam Szubin, ayoboye ibiro vy'Amerika bigenzura ubutunzi bw'abanyamahanga.

Leta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye ibihano muvy’ubutunzi abandi barundi batatu.

Babiri n’abo mu nzego za gisirikare, uwugira gatatu ari mu barwanya reta y’Uburundi.

Amazina yabo ni:

Marius Ngendabanka, ari mu begereye Perezida Nkurunziza, arongoye akarere ka mbere ka gisirikare. Yagirizwa kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo bihano vyafatiwe kandi Ignace Sibomana, wo mu nzego z’umutekano z’Uburundi, umwe mu ndongozi z’umuhari w’imbonerakure.

Nawe nyene muvyo yagirizwa harimwo kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abo bose bari bateye kubiri n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.

Uwugira gatatu ni Edward Nshimirimana, yahoze mu gisirikare c’Uburundi,

Arongoye umuhari FOREBU wafashe ibirwanisho ngo urwanye reta y’Uburundi witwa. Umuhari wagirizwa kugaba ibitero ku makambi ya gisirikare I Bujumbura mu mpera z’umwaka uheze.

Amatungo bafitiye muri Amerika ndetse n’amatungo agenzurwa n’abanyamerika arahagaritswe kandi abanyamerika barabujijwe kugiranira igikorwa ico arico cose mu bijanye n’ubutunzi. Iri n’itangazo rya reta zunze ubumwe z’Amerika.

XS
SM
MD
LG