Uko wahagera

Ubudagi Bwemeje Ihonyabwoko ry'Abanya Armeniya


Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel
Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel

Abashingamateka mu gihugu c’Ubudagi bafashe ingingoari benshi cane, mu matora yabaye uno musi ku wa kane, y’ukwemeza kw’ubwicanyi bwakozwe n’aba Turke b’aba Otomani ku banya Armeniya, mu kiringo c’ingwano ya mbere y’isi yose ari ihonyabwoko.

Iyo ngingo yemejwe n’inama nshingamateka y’igihugu c’Ubudagi izogira ingaruka zikomeye, ku migenderanzire hagati y’Ubudagi na Tukriya.

Perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yatangaje gatoyi inyuma yuko iyo ngingo iufashwe, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, ko Reta yiwe izoganira ingingo izofata mu kwishura.

Igihugu ca Turkiya catumyeko uwunganira Ambasaderi w’Ubudagi i Ankara, inyuma y’amatora y’inama nshingamateka y’Ubudagi.

Chanceliere w’Ubudagi Angela Merkel, yatangaje kw’ibihugu vy’Ubudagi na Turkiya bifitaniye imigenderanire ikomeye, idafatiye ku kibazo kimwe, naho ivyo bihugu bidasangiye ivyiyumviro ku kibazo cerekeye abanya Armeniya.

Mu gufata iyo ngingo, Ubudagi bwifatanije n’ibihugu bigera kuri mirongo ibiri bivuga ko ubwicanyi bwagizwe ku banya Armeniya, mu gihe c’ingwano ya mbere y’isi yose ari ihonyabwoko.

Abakwirikirana ivy’amateka bavuga ko abanya Armeniya bagera ku muliyoni n’igice bishwe n’aba Turke b’aba Otomani, hagati y’umwaka w’i 1915, n’umwaka w’i 1917. Benshi mu ncabwenge banona kw’ubwo bwicanyi bwabaye ihonyabwoko rya mbere ryo mu kinjana ca mirongo ibiri.

XS
SM
MD
LG