Uko wahagera

Misiri: Umwigeme Yapfuye Akatwa Imyanya Ndangabitsina


Umukenyezi muri Misiri, ahanura abigeme kwirinda umugirwa wo gukata imyanya ndangabitsina.
Umukenyezi muri Misiri, ahanura abigeme kwirinda umugirwa wo gukata imyanya ndangabitsina.

Muri Misiri, ibitaro vy’abikorera utwabo vyarugawe n’ubutegetsi inyuma yaho har’umwigeme w’imyaka 17 abipfiriye murivyo ariko akorerwa umugirwa wo gukata imyanya ndangabitsina.

Uwo mwigeme w’ihasa Mayar Mohamed Mousa, yakorewe uwo mugirwa mu bitaro vyo mu ntara ya Suez. Uwo mugirwa uhanishwa umunyororo w’imyaka ibiri mu bihugu vyo muri Afrika ya ruguru.

Lotfi Abdel-Sameeia, umutegetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Misiri yatangaje ko amatohozwa yatanguye kugira bamenye icatumye uwo mwigeme apfa.

Uwo mugirwa wo gukata imyanya ndangabitsina vy’abakobwa wabujijwe muri Misiri kuva mu mwaka w’2008, ariko ubandanya gukorwa mumpisho.

XS
SM
MD
LG