Uko wahagera

Zambiya: Abakandida Barayandikishije mu Matora Yimirije


Zambiya kw'ikarata
Zambiya kw'ikarata

Perezida w’igihugu ca Zambiya, Edgar Lungu, wo mu mugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front, afise imigambi y’ugushikiriza Komisiyo ijejwe amatora mu gihugu, ejo ku musi wa kane, impapuro zerekena ko yagenywe n’uwo mugambwe kuwuserukira mu matora yimirije.

Tilyenji Kaunda, wo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, United National Independence Party, akaba ari umuhungu wa perezida wa mbere w’igihugu ca Zambiya, Kenneth Kaunda, na Edith Nwakwi, umukandida wa mbere w’umupfasoni, mu matora y’umukuru w’igihugu, wo mu mugambwe, Forum for Democracy and Development, nabo nyene bashikirije Komisiyo y’igihugu y’amatora impapuro zerekana kw’imigambwe yabo yabagenye, kuyisekurira mu matora yimirije.

Amatora azoba muri Zamabiya kw’italiki 11 z’ukwezi kw’umunani, umwaka w’i 2016.

Kugena icese abakandida bazoserukira imigambwe yabo muri ayo matora, bizoba kw’italiki mirongo itatu z’ukwezi kwa gatanu. Bitegekanijwe kw’ico gikorwa kirangira kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG