Uko wahagera

Ibihano vyabandanije ku bayobozi ba Sudani yo mu Bumanuko


Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata
Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, rwemeje ingingo, ku musi wa kabiri, igenewe kubandanya ibihano vyafatiwe abayobozi b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, mu kindi kiringo c’umwaka.

Ivyo bihano birimwo kwima ama visa y’ugutembera, n’ukuzibira amatungo y’abantu babonwa ko bageramiye amahoro n’umutekano mu gihugu.

Inama y’urwego rwa O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, y’ukubandanya ivyo bihano ku gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, yamaze iminuta mirongo ibiri. Iyo ngingo izotuma ivyo bihano bibandanya gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2017.

Urwego rwa O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, rumenyesha ko iyo ngingo itanga ubutumwa butomoye, ku bajejwe intwaro n’abayobozi b’abanyepolitike, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba. Urwo rwego rutangaza ko iyo ngingo yibutsa abayobozi b’ico gihugu ko ata yindi nzira ihari, atari ugushira mu ngiro vy’ukuri amasezerano y’amahoro.

XS
SM
MD
LG