Uko wahagera

Mali: Abantu Bane Bishwe mu Bitero vy'Iterabwoba


Umurwi w’iterabwoba, al-Qaida, wiyitiriye ibitero vyagizwe ku makambi abiri y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu gihugu ca Mali, vyahitanye abantu bane.

Umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe O-N-U yishwe, mu gitero ca rokete ku muhingamo wO ku musi wa kabiri, cakomerekeje bikomeye abandi basirikare bajejwe gucungera umutekano ba O-N-U batatu, abandi basivile 10 bakorera iryo shirahamwe barakomereka.

Ivyo bitangazwa n’ibiro vy’inteko zijejwe gucungera umutekano za O-N-U muri Mali, MINUSMA.

Igitero ca mbere carondera ikambi ya MINUSMA, mu gisagara ca Gao, kiri mu buraruko bw’igihugu. Ibiro vya MINUSMA ntivyatomoye ubwenegihugu bw’inteko zijejwe gucungera umutekano yishwe, yamara Ubushinwa bwamenyesheje ko umwe mu nteko zayo zijejwe gucungera umutekano yapfuye, mu gitero c’iterabwoba mu gisagara ca Gao.

Igitero kigira kabiri, cabaye mu gitondo c’umusi wa gatatu, cagizwe mu kibanza c’ishirahamwe O-N-U kijejwe ibikorwa vy’ugukuraho amabombe bita, “mines”, mu rurimi rw’igifransa.

Ico gitero cabereye mu gice gitandukanye co mu gisagara ca Gao, cahitanye Abanyamali babiri bajejwe umutekano, n’umuginga w’umunyamahanga.

Umurwi al-Qaida, ukorera mu karere ka Magreb, wiyitiriye ibitero vy’uno musi ku wa gatatu, mw’itangazo kuri internet.

XS
SM
MD
LG