Uko wahagera

Misiri: Abanyamakuru 3 batumweko n’Ubutungane


Yehia Qalash, Arongoye Sendika y'Abanyamakuru muri Misiri
Yehia Qalash, Arongoye Sendika y'Abanyamakuru muri Misiri

Ubutungane bwa Misiri bwarasohoye umutahe usaba umukuru wa sendika y’abanyamakuru bo mur’ico gihugu hamwe n’abandi bategetsi babiri bahoze bayirongoye kwitaba ubutungane.

Bagirizwa gutangaza amakuru y’ibinyoma no guhishira abanyamakuru bagenzi babo bagirizwa gushigikira abatavuga rumwe na reta.

Aberwa n’uwo mutahe wasohowe k’umusi wa mbere, n’uwurongoye sendika y’abamenyamakuru bo muri Misiri azwi kw’izina rya Yehia Qalash, hamwe n’abandi banyamakuru babiri aribo Khaled al-Balshy na Gamal Abdel Rahim.

Basabwa kwitaba ubutungane italiki zine z’uku kwezi kwa gatandatu.
Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka muntu rifise icicaro muri Amerika, Amnesty International ririyamiriza uwo mutahe kur’abo banyamakuru mu kuvuga ko ar’uburyo reta ya Misiri iriko irakoresha mu kunumya ibinyamakuru.

Uwo mutahe, uje mugihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’abadipolomate baba abo mu gihugu canke abo hanze banegura Perezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, bamwagiriza gutwaza igikenye.

XS
SM
MD
LG