Uko wahagera

Afrika y'epfo: Ijambo rya Robert Kennedy Riracafise Insiguro


Kw'italiki zitandatu, ukwezi kwa gatandatu, umwakaw'i 1966 Senateri muri ico gihe wa Reta ya New York, muri Amerika Robert F. Kennedy, ariko ashsikiriza ijambo abanyeshule kuri kaminuza ya Cape Towm, muri Afrika y'epfo mu gihe c'intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid
Kw'italiki zitandatu, ukwezi kwa gatandatu, umwakaw'i 1966 Senateri muri ico gihe wa Reta ya New York, muri Amerika Robert F. Kennedy, ariko ashsikiriza ijambo abanyeshule kuri kaminuza ya Cape Towm, muri Afrika y'epfo mu gihe c'intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid

Mu mwaka w’i 1966, Senateri wa Reta ya New York, Robert F. John Kennedy, yaragize urugendo rukomeye, mu gihugu ca Afrika y’epfo carangwa ico gihe n’intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid. Yashikirije ijambo ancabwenge zitari nke zibonako ariryo ryari ijambo ryiwe rikomeye cane mu buzima bwiwe.

Iryo jambo yarishikirije kw’ishule kaminuza ya Cape Town, ryavuga ko ubutwari bw’abantu barwanya akarenganyo n’ugukandamiza abandi bwama buruhira gutsinda. Imyaka mirongo itanu inyuma yaho, ku musi w’ukwibuka urugendo rwiwe muri Afrika y’epfo, amajambo yashikirije ico gihe aracafise insiguro. Nico gituma umukobwa wiwe, Kerry Kennedy, aharanira agateka ka amuntu, ari mu gihugu ca Afrika y’epfo muri iyi ndwi. Yakwirikiye inzira ya se wiwe, ajanye n’abandi bo mu muryango wiwe.

Naho amakuru ava muri Afrika y’epfo, muri iki gihe, atari yororo, umuntu aravye amarorerwa ya ruswa yagirizwa perezida, Jacob Zuma, ifranga ry’igihugu, Rand, ryataye agaciro bikomeye, n’ubugizi bwa nabi bwabaye ndanse mu gihugu, Kerry Kennedy, avuga ko afise umwizero.

Atanga akarorero ka se wiwe yatanze ijambo ritanga umwizero, mu gihe ibintu muri Afrika y’epfo vyari bitandukanye n’uko bimeze muri iki gihe muri ico gihugu.

Mu mwaka w’i 1966, Afrika y’epfo yarangwa n’intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid. Ijambo rikomeye se wiwe, Robert F. Kennedy, yashikirije ico gihe, mu rugendo rw’imisi ine yarimwo muri Afrika y’epfo, ryatanze umwizero ko umusi uri izina aintwaro ya Apartheid yari kurangira.

XS
SM
MD
LG