Uko wahagera

Iraki: Abasivile Bagotewe mu Migwano i Fallujah


Igitigiri c’abasivile bariko barapfa gitanguye kwiyongera mu gihe ugutana mu mitwe mu gisagara ca Fallujah, kiri mu minwe y’umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu, kuriko kuriyongera.

Abanyagihugu mu gisagara ca Fallaujah, baramerewe nabi cane. Bafatiwe mu ngwanno mu gihe batari aho baca kugira bahunge ico gisagara.Inteko z’igihugu ca Iraki zatanguye igitero c’ugusubira kwigarurira igisagara ca Fallujah.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, ryatangajeko ryaronse amakuru yuko abasivile bariko baricwa na vya muzinga bikomeye, canke bahitanywe n’ibisigarira vy’amazu yabo ariko ababomokerako. Hari kandi n’amakuru avuga ko abanyagihugu batari bake bariko bakoreshwa n’abarwanyi b’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, nk’inkinzo.

Imiryango igera ku majana atandatu na mirongo ibiri n’itanu yarashoboye guhunga ingwano mu ndwi iheze.

Abagabo n’abana b’abahungu barenza imyaka acumi n’ibiri, bagera ku majana atanu, bariko barasuzumwa ku bijanye n’umutekano. Ico gikorwa gishobora gufata imisi iri hagati y’itanu n’imisi indwi.

XS
SM
MD
LG