Uko wahagera

Nigeriya: Umwimbu w'Ibitoro Waragabanutse Bikomeye


Ibitero bitari bike vy’abarwanyi mu gihugu ca Nigeriya vyarageramiye bikomeye igisata c’ibitoro mu gihugu.

Umwimbu uri ico gisata waragabanutse bikomeye cane, mu gihe igihugu kiri mu bibazo bikomeye vyerekeye ubutunzi.

Bitegekanijwe ko Perezida wa Nigeriya, Muhammadu Buhari, agendera intara irimwo umutekanao muke yimbura ibitoro ya Delta du Niger, muri iyi ndwi, mu gihe hari uruharara muri iyo ntara.

Mw’itangazo, umurwi w’abagwanyi, wiyita Niger Delta Avengers, wiyemeje gusenya ubutunzi bw’igihugu ca Nigeriya. Uwo murwi ushobora kuba uriko urashika kuvyo wifuje.

Ibitero bitari bike ku miringoti n’ibibanza bicukurirwamwo ibitoro abarwanyi b’umurwi, Niger Delta Avengers, biyitiriye vyaragabanije bikomeye ibitoro igihugu ca Nigeriya cimbura ku musi.

Ivyo bitero bisa n’ivyari bigenewe cane cane kugeramira ibitoro bishorerwa hanze y’igihugu.

Ubutunzi bwa Nigeriya bwaragabanutse bikomeye, mu kiuringo c’amezi ane arangiye. Abitegereza ibintu bavuga kw’ubutunzi bw’ico gihugu buzoyanzara vuba.

XS
SM
MD
LG