Uko wahagera

Massachusetts: Isengero, St. Frances X. Cabrini Igiye Kwugara


Abaywanyi b'isengero, St. Frances X. Cabrini muri Reta ya Massachusetts, bariko barahoberana, kw'italiki 29 z'ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Abaywanyi b'isengero, St. Frances X. Cabrini muri Reta ya Massachusetts, bariko barahoberana, kw'italiki 29 z'ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Abakristu muri Reta ya Massachusetts, bagirishije imisa ya nyuma, inyuma yuko batsinzwe, mu rugamba rw’ugutuma isengero yabo y’Abakatolika basengeyemwo mu kiringo c’imyaka itari mike, iguma yuguruye.

Abanyanyi b’iyo sengero yitwa St. Frances X. Cabrini, bategetswe kuyivamwo. Bari bamaze imyaka cumi n’umwe bagerageza gutuma iguma yuguruye.

Diocese nkuru ya Ekleziya Katolika yo mu gisagara ca Boston, yafashe ingingo y’ukwugara isengero, St. Frances X. Cabrini, hamwe n’ayandi masengero.

Ivyo kubera igitigiri c’abaza gusenga cagabanutse, hamwe n’ibindi bibazo.

Abanywanyi b’isengero, St. Frances X. Cabrini, bari bamaze imyaka cumi n’umwe barwanya iyo nigngo. Mu ntango z’ukwezi bari bitwaye muri sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Yamara iyo sentare yaranse kwumviriza urubanza rwabo.

Abanywanyi b’isengero, St. Frances X. Cabrini, baritwaye kandi i Vaticano, yamara ntibashoboye kwumvisha abategetsi ba Ekleziya Katolika, gutuma isengero yabo ibandanya kuguma yuguruye.

Diocese nkuru yo mu gisagara ca Boston, yizeyeko abanywanyi b’isengero, St. Frances X. Cabrini, bazoija muri yindi sengero y’Abakatolika muri ako karere.

XS
SM
MD
LG