Uko wahagera

Koreya ya ruguru Iriko Yitegurira Kurasa Misile Balistike


Abategetsi b’ibihugu vy’Ubuyapani, na Koreya y’epfo, batangaza ko babonye ibimenyetso vyuko Koreya ya ruguru ishobora kuba iriko itagura kugerageza misile balistike.

Reta y’Ubuyapani yategetse igisirikare cayo kuba magabo, ku vyerekeye igeregezwa ry’iyo missile. Ubuyapani bwatagetse kandi ubwato bw’ingwano bwayo kurasa ibintu vyose bishobora kugeramira ubutaka bwayo.

Umutegetsi ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Koreya y’epfo, avuga ko igisirikare c’igihugu ciwe citeguye.

Abategetsic b’Ubuyapani na Koreya y’epfo, ntibamenyesha, ku buryo bugaragara, ubwoko bwa misile Koreya ya ruguru iriko yitegurira kugerageza, yamara amakuru atangazwa avuga ko ari misile Musudan, ishika kure bigereranye, isa n’iyo Koreya ya ruguru yagerageje incuro zitatu mu kwezi kwa kane.

Misile Musudan, ishobora gushika hagati y’ibilometero ibihumbi bitatu, n’ibihumbi bine. N’ukuvuga ko igeregezwa ryayo rigenze neza, iyo misile ishobora gushika mu Buyapani, Ubushinwa n’izinga rya Guam.

XS
SM
MD
LG