Uko wahagera

Somaliya: Abikekwa mu Gitero c'Indege Rwasomwe.


Indege Itwara abantu ya Somaliyayagizweko igitero ca bombe mu kwezi kwa kabiri muri uyu mwaka w'i 2016
Indege Itwara abantu ya Somaliyayagizweko igitero ca bombe mu kwezi kwa kabiri muri uyu mwaka w'i 2016

Sentare ya gisirikare muri Somaliya yegetse ivyaha ku bantu cumi, ku bijanye n’igitero ca bombe cagizwe ku ndege itwara abantu, y’ishirahamwe, Daallo Airlines, mu kwezi kwa kabiri. Abdiwali Mahmud Maow, na Arais Hashi Abdi, bompi abanywanyi b’umurwi al-Shaba, baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Abdi, yaciriwe urubanza atariho ari, yagiwe n’ukuba ariwe yateguye igitero ku ndege itwara abantu ya Somaliya, mu kwezi kwa kabiri. Abategetsi bajejwe umutekano batangaje ko batoye inzandiko i muhire iwe, harimwo urwandiko rerekana umugambi wari werekeye ico gitero.

Hassan Ali Nur Shute, umucamanza mukuru wa sentare ya gisirikare, yatangaje kw’ivyemezo vy’uruhara rw’abagirizwa vyagaragara. Abdiwali Mahmud Maow, yari umwe mu bakozi bo ku kibuga c’indege yabonywe mu masanamu ya video yerekanywe n’abategetsi bajejwe umutekano, ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Mogadisho, imisi mikeyi inyuma y’igitero kuri ico kibanza.

Umurwi al-Shabab, wariyitiriye ico gitero co mu kwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG