Uko wahagera

Pakistani: Nawaz Sharif Agiye Kubagwa Umutima


Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif.
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif.

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif agiye kubarwa umutima ku musi wa kabiri w’indwi iza ku murwa mukuru Londres w’Ubwongereza.

Bubaye ubugira kabiri uwo mutegetsi abarwa umutima, ubwa mbere hari mu mwaka w’2011.

Umukobwa wiwe, Maryam Nawaz Sharif, yatangaje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko se wiwe yagize ingaruka mbi z’umutima zatewe n’ibarwa ryiwe rya mbere ryoba ritagenze neza.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, yamwipfurije kuzokira n’ingoga.

XS
SM
MD
LG