Uko wahagera

Iraki: Umutegetsi Mukuru w'Inteko za Reta ya Kiyislamu i Fallujah Yishwe


Umwotsi uriko uraduga mu kirere inyuma y'igitero c'indege z'ingwano mu birindiro vy'umurwi w'intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu mu gisagara ca Fallujah,muri Iraki, kw'italiki 24 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.
Umwotsi uriko uraduga mu kirere inyuma y'igitero c'indege z'ingwano mu birindiro vy'umurwi w'intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu mu gisagara ca Fallujah,muri Iraki, kw'italiki 24 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.

Umutegetsi mukuruw’inteko z’umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu, Maher al-Bilawi, mu gisagara ca Fallujah, yishwe mu gitero c’indege z’ingwano. Ivyo vyatangajwe na Koloneli, Steven Warren, umuvugizi w’urunani mpuzamakungu rurwanya umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu muri Iraki na Syriya, uno musi ku wa gatanu.

Koloneli Steve Warren, avugira i Bagdad, yatangaje kw’igitero c’urunani ruyobowe na Amerika cahiga Maher al-Bilawi, mu gisagara ca Fallujah, cabaye haheze imisi ibiri.

Atangaza kw’urunani ruyobowe na Amerika rwatororokanije amakuru yerekeye icicaro c’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, n’ikibanza Bilawi arimwo mu gisagara ca Fallujah.

Kolomeli, Steve Warren, avuga ko urunani ruyobowe na Amerika rwagize ibitero vy’indege z’ingwano, incuro mirongo ibiri, mu misi ine irangiye. Ivyo bitero vyahitanye abarwanyi barenga mirongo irindwi.

Inteko z’urunani riyobowe na Amerika, ziri mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere, kiri ahitwa al-Taqqaddum, hafi y’ibilometero 25 umuntu avuye mu gisagara ca Fallujah, ziriko kandi zifasha na vya muzinga, inteko z’igihugu ca Iraki ziriko zigerageza gusubira kwugarurira ico gisagara.

XS
SM
MD
LG