Umupolisi wo mu rwego rw'intwazangabo yaranyurujwe ku mugwa mukuru Bujumbura mw'ijoro ryo kuruyu wa kane.
Igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko OPC2 Jerome Ndikuriyo yanyurujwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro zirenga iminota cumi.
Iyo ntwazangabo yo mu gipolisi yanyururijwe ahitwa kuri gare du nord muri zone Kamenge mu buraruko bwa Bujumbura. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yemeza ko bamwe mu banyuruje OPC2 Ndikuriyo harimwo abambaye impuzu z’igisirikare. Bakimuhagarika, iyo ntwazangabo yarifise inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Bene kumunyuruza ngo babanje kuyimwaka.
Agifatwa yururukijwe imodokari aca yurizwa iyindi ariko abandi bantu bandi batatu bari kumwe ntaco n’urwara bariwe.
Umuvugizi w’igipolisi Nkurikiye amenyesha ko nahabanyuruje Ndikuriyo harimwo abafise impuzu z’igisirikare atawoshoka yemeza ko ari abiyita abagwanyi babikoze.
Igipolisi cerekeza cane cane amatohoza ku matati y’amatongo. Uwo mupolisi ngo yarafise itongo aheruka gutsindira muri komine Gihanga intara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi.
uwo bariburana ngo yari yagumye anana yanka ko urubanza rukurikizwa. Mu gipolisi bakiyumvira ko ayo matati y’amatongo ashobora kuba ariyo yinyegeje inyuma y’inyuruzwa ry’iyo ntwazangabo.
Ndikuriyo akora mu mugwi w’igihugu ujejwe kugwanya ikwiragizwa ry’ibigwanisho bito bito CNAP mu mfunyapfunyo y’igifaransa.
Iyi ntwazangabo igize umupolisi w’icenda anyurujwe kuva hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza. Abo bandi umunani igipolisi kibegeka kubo cita abagumutsi n’ukuvuga abaroye mu ma barabara kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
UmUmukuru w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu Jean Baptiste Baribonekeza asaba inzego z’umutekano n’ubutungane gutohoza ibijanye n’ukunyuruza abantu canke ukubagira ingwati mu ntumbero y’uguca amafaranga kugira ukuri kuje ahabona maze bituzwe burundu.