Uko wahagera

Abanyeshule b'Abanyafrika Ntiborohewe mu Buhinde


Kazeem, umunyeshule w’Umunyanigeriya yakubiswe icuma, mu bumanuko bw’igihugu c’Ubuhindi, ku musi wa kane. Ivyo bibaye indwi imwe inyuma yuko umunyeshule w’Umunyekongo akubiswe gushika aho apfa, ku murwa mukuru, New Delhi.

Kezeem, umunyeshule w’imyaka 23, yiga kw’ishule kaminuza, Nizam College. Yakubiswe n’umubanyi inyuma yuko bateranye amajambo, ku vyerekeye ikibanza c’uguhagarikamwo imodoka.

Naho igipolisi co muri ico gice, kivuga ko ivyo bitatewe n’urwanko rufatiye kw’ibara ry’urukoba, kw’ahubwo vyatumwe n’ukutumvikana, ku vyerekeye ikibanza c’uguhagarikamwo imodoka, ibitero ku Banyafurika vyabaye ndanse mu gihugu c’Ubuhindi.

Ivyo bikwirikiye iyicwa rya Masunda Kitada Oliver, umunyeshule w’Umunyekongo w’imyaka 23, yari amaze imyaka itandatu aba, ku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi.

Abantu batatu bamukubise ibuye mu mutwe. Oliver yasandavye mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Babiri mu bikekwa baratawe mu mvuto, yamara uwugira kane ntarafatwa.

Mu kwezi kwa kabiri, umupfasoni w’Umunyatanzaniya, yaratewe, aramburwa impuzu, araturirwa n’umurwi w’abantu, mu gisagara ca Bangalore.

Ivyo vyatumye ikibazo c’ikumira, n’ubwicanyi ku gitigiri gitoyi c’Abanyafrika, mu Buhindi, kija ahabona.

XS
SM
MD
LG