Uko wahagera

Nigeriya: Umwaka Uraheze Buhari Agiye ku Butegetsi


Perezida w’igihugu ca Nigeriya Muhammadu Buhari,
Perezida w’igihugu ca Nigeriya Muhammadu Buhari,

Perezida w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari, azohimbaza umwaka azoba amaze ku butegetsi ku musi w’Imana.

Buhari yahoze ari umutegetsi w’umusirikare, yatowe inyuma yuko yiyemeje kurwanya umurwi Boko Haram, kurwanya ruswa, n’uguhindura ubutunzi bw’igihugu.

Buhari yasubiriye Goodluck Jonathan mu mwaka uheze. Yemereye abanyagihugu ko azohagarika umugumuko w’umurwi Boko Haram, wahitanye abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri, abandi bagera ku miliyoni zibiri barava mu zabo, mu ruhagarara rumaze imyaka indwi.

Perezida Buhari yaragize intambwe muri iyo nzira. Ibitero vy’abiyahuzi mu bisagara bikomeye vyo mu buraruko bwa Nigeriya, vyabaye bike. Mu ndwi iheze, umwe mu bigeme 219 banyurujwe, mu gisagara ca Chibok, n’umurwi Boko Haram, haraheze imyaka ibiri yaratabawe.

Abitegereza ibintu babona ko perezida Buhari yashize mu ngiro umuhango yatanze, igihe yariko yiyamamariza kuyobora igihugu.

Abategetsi bakomeye batari bake muri Reta ya Goodluck Jonathan, barahagaritswe ku vyaha bifatiye kuri ruswa, kuva Buhari ashitse ku butegetsi. Yamara dosiye zabo zarikweze mu masentare.

Ubutunzi bw’igihugu nabwo nyene buriko burikwega.

Igabanuka ry’ibiciro vy’ibitoro ku masoko mpuzamakungu, biri mu vyatumye haba ibibazo vy’ubutunzi mu gihugu.

Bitegekanijwe ko perezida Buhari, ashikiriza ijambo abanyagihugu ku musi w’Imana.

XS
SM
MD
LG