Uko wahagera

Ubufransa: Polisi Yahanganye na Sendika z'Abakozi


Abantu ibihumbi bari mu myiyerekano bihereje amabarabara, mu Bufransa, ku wa kane, ku musi w’imyiyerekano mu gihugu cose y’ukwiyamiriza umugambi wa reta w’ugutunganya gushasha ivyerekeye akazi.

Uwo mugambi wotuma vyorohera kurushiriza abakoresha kwinjiza n’ukwirukana abakozi, kandi vyogabanya ububasha bw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abakozi.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko, basemerera amajambo yiyamiriza reta, bagize imyiyerekano, yabaye mu mahoro muri rusangi, mu mabarabara vy’umurwa mukuru w’Ubufransa, Paris, uno musi ku wa kane. Bariko basaba ko reta isubira ku mugambi wayo w’uguhindura amategeko agenga akazi.

Amakuru aturuka muri reta amenyesha ko abantu icenda batawe mu mmvuto, kubera bononye inyubakwa.

Uguhangana gukomeye n’igipolisi kwabereye, mu gisagara kirimwo ikivuko, ca Le Havre, aho abakozi bahungabanaije imirimro quri ico kivuko.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubufransa, Manuel Valls, yatangaje ko hari ibintu bishobora guhindurwa mu mategeko agenga akazi. Naho habaye imyiyerekano y’ukwiyamiriza uwo mugambi, avuga ko reta itazowuheba.

XS
SM
MD
LG