Uko wahagera

Donald Trump Arateye Isi Amakenga


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, atangaza ko abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi yavuganye nabo baguye mu gahundwe, kubera ibivugwa n'umukandia Donald Trump. Uyu ni umunyamerika witoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri uyu mwaka w’i 2016, muri Amerika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu gisagara ca Ise Shima, mu gihugu c’Ubuyapani, uno musi ku wa kane, inyuma y’umusi wa mbere w’inama yama iba uko umwaka utashe y’abategetsi b’ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi, Perezida Obama, yavuze ko amakungu ariko akwirikiranira hafi amatora yo muri Amerika, kubera igihagararo ca Amerika mu makungu.

Donald Trump, niwe abonwa ko azoserukira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri uyu mwaka. Yarashikirije amajambo ateye amakenga, ku bimukira bakomoka muri Amerika y’epfo, n’Abayislamu.

Yateye kandi akamo k’ugukuira inteko za Amerika ziri mu Buyapani, na Koreya y’epfo, n’uguha ibirwanihso ruhonyanganda ivyo bihugu kugira vyivune Koreya ya ruguru.

Perezida Obama, avuga ko abandi bategetsic b’ibihugu bikomeye kurusha ibindi, mu vyerekeye ubutunzi kw’isi, batazi ukugena bafata amajambo ashikirizwa na Donald Trump.

XS
SM
MD
LG