Uko wahagera

Ubushinwa Bugabisha G7 kw'Ibahari yo mu Bumanuko


Ifoto y'abategetsi bagize umurwi G7, ku musi wa mbere w'amanama y';uwo murwi, mu ngisagara ca Ise Shima, mu gihugu c'Ubuyapani, kw'italiki 26 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.
Ifoto y'abategetsi bagize umurwi G7, ku musi wa mbere w'amanama y';uwo murwi, mu ngisagara ca Ise Shima, mu gihugu c'Ubuyapani, kw'italiki 26 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.

Igihugu c’Ubushinwa cagabishije umurwi w’ibihugu indwi biteye imbere kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, kutaganira ibintu bishobora gutuma icuka kibi ciyongera, mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Amatati hagati y’ibihugu vyegereye bico gice, ni kimwe mu bibazo vyitezwe kw’abategetsi b’umurwi G7, baganira mu manama azobera ku murwa mukuru w’Ubuyapani, Tokyo muri iyi ndwi.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, mw’ijmbo ryiwe ry’ukwugurura inama y’ibihugu bigize umurwi G7, mu Buyapani, uno musi ku wa kane, yatangaje kw’abategetsi b’vyo bihugu bafise imigambi y’ukuganira ibibazo vyerekeye igice c’ibahari, kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa, hamwe n’ibindi bibazo biraje ishinga amakungu.

Mu kwezi guheze, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu bigize umurwi G7, barasohoreye hamwe itangazo, ku vyerekeye umutekano, mu mayira yo mu mazi, igihe barangiza inama zabo. Barerekanye impungenge ku kugene ibintu vyifashe, mu bice vy’ibahari biri mu buseruko, no mu bumanuko bw’Ubushinwa.

Naho iryo tangazo ritadomye urutoke nku Bushinwa, mu gutera akamo kuko ibihugu vyose vyokwirinda gushiraho amazinga mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa, abategetsi b’ico gihugu bishuye n’amajambo akomeye, mu kwagiriza umurwi G7, ko uriko ufata impande ku vyerekeye ico kibazo.

XS
SM
MD
LG