Uko wahagera

Rwanda: Abasenyeri Bahagurukiye Amahoro


Bishop conference
Bishop conference

Abasenyeri bo mu mashengero ya Katorika na Anglikani bo mu Rwanda, mu Burundi no muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo baraganira kubijanye n’amahoro n umubano mw’iza muri kano karere kibiyaga binini. Ni mu mana ibahuje n'abandi bantu bashyigikiye mu mujyi wa Kigali.

Kuva mu mwaka 2013, abagize ako kanama barahura bakaganira kuntambamyi z’amahoro muri kano karere nukuntu bozitorera umuti ariko ntikibuza ko kano karere ari kamwe mubugize Afurika gakunda guhura n’ ibibazo vy‘umutekano. None vyoba bisigura ko izi nama ari mpfagusa? Musenyeri Kambanda Antoine arongoye diyosezi ya Kibungo amenyesha ko abasambura bazamaho ariko ko bidashobora kubabuza kubandanya bigisha amahoro n’umubano mwiza mubantu.

Mugihe muri Kongo himirije amatora, ingorane muri kino gihe zikaba zatanguye kwibonekeza, musenyeri Bahati Sylvestre arongoye aba Anglikani muri diyosezi ya Bukavu, amenyesha ko bazosengera igihugu cabo bakanabonana n’ abatware kugira bafatanye mugukinga amatati.

Serafina Mukantabana, umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza n’ibibazo bijanye n’impunzi amenyesha ko yifadikanije n’abarongoye amashengero ya Katorika na Anglicani murico kiyago kijanye n’amahoro muri kano karere k’ibiyaga binini kuko ahari amahoro ata mpunzi ziharangwa.

Umushikiranganji Mukantabana asaba abo banya madini kurushirizaho kuba hafi y‘intama zabo kugira amahoro atsimbatare. Abasenyeri b’i Burundi bari bitezwe murivyo biganiro vy’ amahoro ntibashoboye kwitaba kunvo zitamenyekanye. Ibi biganiro rero bikaba bitegekanijwe ko biza gusozerwa n’igisabisho rusangi kiza kubera muri paruwasi ya Gikondo isaha cumi n’imwe.

XS
SM
MD
LG